3 Answers
Abaroma 8:16 : Umwuka w’Imana ubwe ahamanya n’umwuka wacu yuko turi abana b’Imana
Iyo umuntu ababariwe ibyaha, yakira amahoro. Ni expérience personnelle umuntu ubwe abasha kubera umuhamya.
Wowe ubwawe uzabimenya kuko yamahoro Yesu yasezeranye, amwe yabwiye intuma ati mbahaye amahoro yanjye, uwo muntu azabasha kuyumva mubuzima bwe.
Mwaramutse bavandimwe! Guharirwa ivyaha ni igikorwa ca buri muntu kugiti cye! Rero kuberako Imana yaduhaye mpwemu wayo ngo atuyobore, yongera iduha mpwemu undi aha ndavuga agatimamuntu kamwe kataboneka, rero kuriya iyo ukoze icaha haba umutima ukwagiriza ikibi ni kubera mpwemu w\’Imana aba muri twe aba ariko aradutonganya kuko yabuze ahatura! Kuko ntaturana numutima urimwo icaha. Rero murico gihe iyo wihanye koko numutima ubikunze, apana kubera ibishobisho canke kubera benshi mubo mugendana cnke murikumwe bihanye! Navuze kwihana simuri rusangi! Wihana kubera kagatima kakwagiriza icaha. Ubwo rero urangije kwihana wumva umunezero mpwemu w\’Imana aca yemezanya nawe ko aronse ahatura muri wewe maze amahoro yuzuye amwe atamenywa nabandi akaganza muri wewe!
Your Answer