Indirimbo ya 145 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ni vyiza kugukorera
1. | Ni vyiza kugukorera Mukiza wanje Ni ryo shikanwa nshikanye, Rirannezera. |
Gusubiramo: | |
Akir’ ubugingo bganje, N’ ubgawe Yesu; Kandi kubg’ ubuntu bgawe Undind’ Umubi. | |
2. | Mwam’ ico nifuza cane N’ ukwera kwawe. Nta kindi ngikund’ atari Kugukorera. |
3. | Ngomba kugukorera nka Za ntumwa zawe, Ngukurikire Mukiza, Nkwubahe rwose. |
4. | Singitiny’ umubabaro N’ ibindi vyago; Ni wewe kwizera kwanje, N’ ivyiza vyanje. |
5. | Twese tuj’ imbere hamwe Muri bga bgiza; Turirimban’ indirimbo, Twame tunesha. |
Gusubiramo: | |
URUKUNDO |