Indirimbo ya 100 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nzoririmb’ igitangaza
1. | Nzoririmb’ igitangaza Yes’ Umwami yakoze, Ko yavuy’ iwe mw ijuru Ngw’ ampfir’ i Gologota. |
Gusubiramo: | |
Nzoririmb’ igitangaza Yes’ Umwami yakoze, Ndi kumwe n’ abo mw ijuru, Imbere ya ya ntebe. | |
2. | Nari nzimiye nk’ intama, Maze Yes’ arambona, Ac’ anshira ku bitugu, Ansubiza mu nzira. |
3. | Nar’ impumyi, mfis’ ubgoba, Nari ndendebukiwe, Njanjaguritse, mbabaye, Maze Yes’ arankiza. |
4. | Ndacabon’ ibimbabaza, Haracar’ ibingora, Yamara ko turi kumwe Ndazi kw’ataco nzoba. |
5. | Azongeza no ku rupfu, Anyogane mu ruzi, Maze njabutse hakurya Nzosangay ‘ abo nkunda. |