Indirimbo ya 104 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Imbabazi z’ Umukiza


1.Imbabazi z’ Umukiza
Zamuzanye kuncungura,
Nari nzitswe n’ivyaha vyanje,
Ankuray’ arankiza.
Gusubiramo:
Nari mw ishayo y’ivyaha,
Aramfat’ aranshayura,
Kera nama mu mwiza mwinshi,
Non’ arammurikira.
2.Natevye cane kwitaba
Uwampamagaz’ ineza.
Nyuma nizey’ ijambo ryiwe,
Yes’ ankurakw ivyaha.
3.Namubony’ aje kunkiza
Afis’ inkovu y’icumu
N’iz’ imambo bo n’iz’ amahwa,
Nshim’ urukundo rwiwe.
4.None yam’ amp’ amahoro,
Umutima ni muzima,
Arikw’ icatumy’ ancungura
Akankiza sinkizi



Uri kuririmba: Indirimbo ya 104 mu Guhimbaza kirundi