Indirimbo ya 104 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Imbabazi z’ Umukiza
1. | Imbabazi z’ Umukiza Zamuzanye kuncungura, Nari nzitswe n’ivyaha vyanje, Ankuray’ arankiza. |
Gusubiramo: | |
Nari mw ishayo y’ivyaha, Aramfat’ aranshayura, Kera nama mu mwiza mwinshi, Non’ arammurikira. | |
2. | Natevye cane kwitaba Uwampamagaz’ ineza. Nyuma nizey’ ijambo ryiwe, Yes’ ankurakw ivyaha. |
3. | Namubony’ aje kunkiza Afis’ inkovu y’icumu N’iz’ imambo bo n’iz’ amahwa, Nshim’ urukundo rwiwe. |
4. | None yam’ amp’ amahoro, Umutima ni muzima, Arikw’ icatumy’ ancungura Akankiza sinkizi |