Indirimbo ya 105 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ubuntu bg’imana
1. | Ubuntu bg’imana Butangaje Ni bgo bgankuyeko Imigozi. Mbe vyavuye ku ki? Vyavuye ku kugomba Kw’ Imana yonyene Yambohoye. |
2. | Imana yonyene: Yantoreye Guhirwa mw ijuru I Bukama. Mwese ni mumenye Yuk’ Umukiza wacu Yam’ asanganira Abaz’ i we. |
3. | S’uko nari mwiza, Haba na mba, N’ubuntu bga Yesu Yangiriye. Ni we yangokeye Kuri wa musaraba, Hamwe n’ibisuma Vy’ abambuzi. |
4. | Kand’ iyo nibutse Ivya Yesu, Uko yagiriwe Bamubamba, Binyibuts’ ivyaha, We nta kibi yakoze, Ni jewe yazize: N’Umukiza! |
5. | Ub’ ico nifuza N’ukuguma Mu Mukiza wanje, Mwihishemwo: Ni we nkinzo yacu Yam’ idukingiriye Imyampi wa Mubi Aturasa. |
6. | Urazirikanye Mwami Yesu: Ingeso wa Mubi Yanyanduje, Zigomba kuvyuka, Zirandur’ uzihonnye, Name niganziwe N’ ivya Yesu. |
7. | None maso yanje, Namwe matwi, Nawe munwa wanje, Mubiri we! Mwese, mushimishe Uwankuye mu ngoyi. Ibiremwa vyose: Tumushime. |