Indirimbo ya 108 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Je nd’ Umukristo, nzokwama ndi we
1. | Je nd’ Umukristo, nzokwama ndi we Mu bintu vyose gushitsa gupfa. Je nd’ Umukristo, ndashing’ intahe, Nah’ igihugu cose contwenga. Je nd’ Umukristo wo mu mutima. Kuk’ ubu nsigaye nkunda Kristo, Kukw’aho yapfa yazira jewe, Bikwiye nanje ko ndamukunda. |
2. | Je nd’Umukristo, umv’ ubgo buntu! Narakijijwe nkurwa mu vyaha. Je nd’ Umukristo, naho noterwa N’ amarushwa nkaja mu ntambara: Je nd’ Umukristo, nkab’ umusoda, Ndi mu ntambara ndwana n’ivyaha, Umugabisha n’ Umwami Yesu, Ni twaba kumwe nzokwama ntsinda. |
3. | Je nd’ Umukristo, nd’ umwambukira, Ndakobeje mu rugendo rwanje, Ivy’ ino mw’isi ndabihinyuye , Nsigaye ndonder’ ivyo mw ijuru. Je nd’ Umukristo, intara yacu Iri mw ijuru ku Mana yacu, Nta nzar’ ibayo, nta n’amagorwa, Abaho bose baguwe neza. |
4. | Je nd’ Umukristo! Ico n’ ikintu Gihumuriz’ umutima wanje, Kiranyibagiz’ imibabaro, Nkumva nduhutse kubg’ Umukiza Je nd’ Umukristo uko ndi kwose, Maze ndengukijwe, ngeze gupfa, Nzogir’ akanyamuneza kenshi, Nzoba mpiriwe ngiye mw ijuru. |