Indirimbo ya 110 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Igituma nkunda Yesu


1.Igituma nkunda Yesu
Ndakikubgira none,
N’ uk’ uwo Mukiza mwiza
Yancunguj’ amaraso.
Gusubiramo:
Umv’ ikinkundisha Yesu
Akandutira vyose:
N’ uko yankuyekw ivyaha.
Akanyoza nkera de.
2.Kand’ ikinkundisha Yesu
N’ uko yankijije pe,
Akampa kunesh’ ivyaha
Vyama binnesha kera.
3.Kand’ ikinkundisha Yesu
N’ ukw ar’ Umutabazi,
Ahor’ antabara cane iyo Satan’ anteye.
4.Kand’ ikinkundisha Yesu
N’ ukw atah’ azoreka
Kumber’ Umukiza mwiza
No kumber’ Umukunzi.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 110 mu Guhimbaza kirundi