Indirimbo ya 111 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Har’ izina rinnezereza
1. | Har’ izina rinnezereza, Nireza kuriririmba, Rirandyohera, ndarikunda, Rirut’ ayandi yose. |
Gusubiramo: | |
Nkunda Yesu wanje, Nkunda Yesu wanje, Nkunda Yesu wanje, Yabanje kudukunda. | |
2. | Rimenyesh’ ingen’ Umukiza Yankunz’ akanyitangira, Rimbgir’ ivy’ amaraso yiwe, Ingen’ azondekuza. |
3. | Rimbgir’ ivyo Data wa twese Yanshinguriye mw ijuru, N’ iyo nogenda no mu mwiza Ni ryo rimber’ umuco. |
4. | Rimbarir’ ingen’ umutima W Umukiza wanje Yesu Wam’ ubabarana na rwanje, Ukampa kwihangana |