Indirimbo ya 112 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ndazi ko Yes’ ankunda
1. | Ndazi ko Yes’ ankunda, Vyanditswe mu gitabo, Nd’ uwo mu bana biwe, Kand’ arambungabunga. |
Gusubiramo: | |
Yes’ arankunda, Yes’ arankunda, Yes’ arankunda, N’ Umukiza wanje. | |
2. | Naho ngayitse rwose Ntiyaretse kunkunda, Yampfiriye ku giti Ngo nze nkurwekw ivyaha. |
3. | Kand’ amaze kumpfira Yaciy’ anjishurira Ikirimba c’ ijuru Ngo mbone gushikayo. |
4. | Na ntary’ angenda hafi Mu nzir‘ija mw‘ ijuru, Kuko yampfiriy’ artyo, Naramwishikaniye. |