Indirimbo ya 114 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yesu n’ Umukiza wanje
1. | Yesu n’ Umukiza wanje N’Umwami, Nzokwama mmuhimbarish’ indirimbo, iyo ncits’ intege nimusab’ izindi Ndakund’ Umukiza wanje. |
Gusubiramo: | |
Ndakund’ Umukiza. wanje, N’ akaburarugero pe: Ndi kumwe na Yesu mba ndi mw ijuru, Ndakund’ Umukiza wanje. | |
2. | Yamy’ aramutsa ku mutima wanje, Ati Ni muduhe, sinitabire; None namwinjije no haruguru, Ndakund’ Umukiza wanje. 3. None mpagaze ku musozi wera, Nta gicu kimunkingiriza namba. Sinzongera kumwugarana hanze: Ndakund’ Umukiza wanje. 4. Mfis’ aho yanteguriye mw’ijuru, Ukwizera ni kwo kuzonshitsa Nzonezerwa mbonye mu nyonga hiwe: Ndakund’ Umukiza wanje. |