Indirimbo ya 122 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Uyu musi narons’ indirimbo nziza


1.Uyu musi narons’ indirimbo nziza,
Yuzuye mu mutima wanje,
Ndanezerwa cane ndatazir’Imana,
Kukw’ari y’impay’ amahoro.
Gusubiramo:
Yesu, mp’amahoro,
Ya yand’ ava ku Mana nyene,
Anyuzure mu mutim’ imyaka yose,
Naman’ urukundo rw’ Imana.
2.Amahoro nahawe na Yes’ Umwami,
Ndayazigamye ku mutima,
Naho hogir’ abanyag’ ayo mahoro,
Sinzopfa ndayahevye na mba.
3.None ndaruhutse neza ku mutima,
Kuko Yes’ari w’ anzigama,
Arandind’ivyangora kand’ivyantsinda,
Ku mutima har’ amahoro.
4.Umusi Ye su yatujanye mw ijuru,
Tuzomubon’ Imana yacu,
Turirimb’ indirimbo zo kumushima,
Tuzogir’akanyamuneza.
5.Mbega none wewe wabuz’ amahoro,
Ujany’ inzira ya Satani,
N’uze, Yes’ arakugirir’ ikigongwe,
Uc’uronk’amahoro nawe.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 122 mu Guhimbaza kirundi