Indirimbo ya 122 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Uyu musi narons’ indirimbo nziza
1. | Uyu musi narons’ indirimbo nziza, Yuzuye mu mutima wanje, Ndanezerwa cane ndatazir’Imana, Kukw’ari y’impay’ amahoro. |
Gusubiramo: | |
Yesu, mp’amahoro, Ya yand’ ava ku Mana nyene, Anyuzure mu mutim’ imyaka yose, Naman’ urukundo rw’ Imana. | |
2. | Amahoro nahawe na Yes’ Umwami, Ndayazigamye ku mutima, Naho hogir’ abanyag’ ayo mahoro, Sinzopfa ndayahevye na mba. |
3. | None ndaruhutse neza ku mutima, Kuko Yes’ari w’ anzigama, Arandind’ivyangora kand’ivyantsinda, Ku mutima har’ amahoro. |
4. | Umusi Ye su yatujanye mw ijuru, Tuzomubon’ Imana yacu, Turirimb’ indirimbo zo kumushima, Tuzogir’akanyamuneza. |
5. | Mbega none wewe wabuz’ amahoro, Ujany’ inzira ya Satani, N’uze, Yes’ arakugirir’ ikigongwe, Uc’uronk’amahoro nawe. |