Indirimbo ya 124 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ubu n’amaboro mu mutima wanje
1. | Ubu n’amaboro mu mutima wanje, Kuko Yesu yankijije, Kandi har’ ikintu yanyigishije, N’ uko ntakwiye kwiganyira. |
Gusubiramo: | |
N’ impore, n’ impore, N’ impore mu mutima wanje. | |
2. | Satan’ iy’anteye, akandas’imyampi, Numva mfis’ikindemesha, Ko Yesu yabonye ko ntokwivuna, Aranyigur’ arancungura. |
3. | Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti, (Si bimwe gusa, ni vyose!) Sinkibitwaye, yarabinduhuye, Iman’ ishimwe, Haleluya! |
4. | Noneho kubganje kubaho ni Kristo Kandi singitinya gupfa, Urupfu na rwo ruzomber’ inyungu, Yesu yanyujuj’ amahoro. |
5. | Mw ishikiro ryacu ni mw ijur’ i bgami, S’epf’i kuzimu, bagenzi! Twitege kwumv’ inzamba z’Umukiza: Uzogaruka ryari Yesu? |