Indirimbo ya 124 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Ubu n’amaboro mu mutima wanje


1.Ubu n’amaboro mu mutima wanje,
Kuko Yesu yankijije,
Kandi har’ ikintu yanyigishije,
N’ uko ntakwiye kwiganyira.
Gusubiramo:
N’ impore, n’ impore,
N’ impore mu mutima wanje.
2.Satan’ iy’anteye, akandas’imyampi,
Numva mfis’ikindemesha,
Ko Yesu yabonye ko ntokwivuna,
Aranyigur’ arancungura.
3.Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti,
(Si bimwe gusa, ni vyose!)
Sinkibitwaye, yarabinduhuye,
Iman’ ishimwe, Haleluya!
4.Noneho kubganje kubaho ni Kristo
Kandi singitinya gupfa,
Urupfu na rwo ruzomber’ inyungu,
Yesu yanyujuj’ amahoro.
5.Mw ishikiro ryacu ni mw ijur’ i bgami,
S’epf’i kuzimu, bagenzi!
Twitege kwumv’ inzamba z’Umukiza:
Uzogaruka ryari Yesu?



Uri kuririmba: Indirimbo ya 124 mu Guhimbaza kirundi