Indirimbo ya 128 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nta co mfise nireguza


1.Nta co mfise nireguza
Atar‘uko wampfiriye,
Kandi yuko wampamagaye:
Mucunguzi, nditavye.
2.Gukekeranya ni kwinshi,
Mbabazwa cane Mukiza,
N’intambara yo mu mutima;
Mucunguzi, nditavye.
3.Sintinyuka no kugeza
Kwikurakw‘ ibinyanduje,
Nizigiy’ amaraso yawe;
Mucunguzi, nditavye.
4.Naho nd’ umworo nd’impumyi,
Ni wew‘ump’ itunga ryawe
Ukampumur’ ukampimbara;
Mucunguzi, nditavye.
5.Uranyakira nanduye,
Uranyoz’ uramparira;
Kuko nizey’ isezerano
Ryawe Yesu, nditavye.
6.Urukundo rwawe rwinshi
Runkuyekw ivyantebeje,
Ndakunze kub’ uwawe rwose;
Mucunguzi, nditavye.
7.Urwo rukundo mmeny’ ubu
Rwanyujuje n’Uhoraho,
Nshikir’ ungab’ unyiganzire;
Mukiza, ndishikanye.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 128 mu Guhimbaza kirundi