Indirimbo ya 129 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ndeger’ umusaraba
1. | Ndeger’ umusaraba Nnaniwe nkennye mpumye, Nta kindi kindi nshaka, Ngomba gukizwa gusa. |
Gusubiramo: | |
Mwami, ndakwizigiye, Mukiza wanje mwiza, Nunamy’ imbere yawe, Mwami Yes’ unkiz’ ubu. | |
2. | Namye nkwifuza Mwami, Ndi mw irinde ry’ivyaha, Non’ urandengukije Ngo nz’ unkurekw ivyaha. |
3. | Ubu ndakwihereje N’ivyanje mfise vyose, Mb’ uwawe rwose Mwami, Sinkaganzwe n’iyi si. |
4. | Ndizigir’ ivy’ uvuga, Wamviriy’ amaraso, Ndigaye ko natevye, Nyakir’ ubu Mukiza. |
5. | Yesu non’ unshitsemwo, Kaza kaza Mukiza, Wantunganije rwose, Shimwa, shimwa Nyakuza. |
Gusubiramo: | |
Mwami ndakwizigiye, Mukiza wanje mwiza, Nunamy’ imbere yawe, Yes’ urankijij’ ubu. |