Indirimbo ya 130 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nahabiye kure yawe


1.Nahabiye kure yawe,
Ndahabuts’ ubu;
Natevye cane mu vyaha:
Mwami nyakira.
Gusubiramo:
Nj’ ah’ uri nihannye,
Singisubira;
Nteg’ ibiganza vyawe
Mwami nyakira.
2.Napfapfany’ imyaka myinshi,
Ndahabuts’ ubu;
Ndakwitwayeko nihannye:
Mwami nyakira.
3.Ivyaha birandambiye,
Ndahabuts,’ ubu;
Nishimiy’ ubuntu bgawe:
Mwami nyakira.
4.Numva ndwaye mu mutima,
Ndahabuts’ ubu;
Mvur’ unsubizemw’ intege:
Mwami nyakira.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 130 mu Guhimbaza kirundi