Indirimbo ya 131 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Yesu, ndagomba guhabuka


1.Yesu, ndagomba guhabuka
Nta handi nasanz’ ikinezero,
Narahevy’ inzira y’ivyaha
Ngomba guhabuka.
Gusubiramo:
Yesu ndagomba guhabuka
Singipfa nsubiye kwangara,
Mwami Yesu ngirir’ ikigongwe,
Ngira mpabuke.
2.N’ igihe kirekire cane
Nabaye mu nzira ya Satani,
Noneho ndayihevye rwose,
Ngomba guhabuka.
3.Yesu n’umtash’ unkize rwose
Vya vyaha vyamye bindemereye,
Ubu nshak’ agakiza kawe,
Ngomba guhabuka.
4.Narapfapfanye nta co mmaze,
Yesu nyoza mu maraso yawe.
Wadupfiriye twebge twese,
Ngomba guhabuka.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 131 mu Guhimbaza kirundi