Indirimbo ya 133 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ndikorey’ umusaraba
1. | Ndikorey’ umusaraba, Ngukurikire Yesu, Ndi ruhebga. ndagayitse, Yamar’ uzomber’ itunga. |
Gusubiramo: | |
Yesu Mucunguzi wanje, Watanz’ ubugingo bgawe, Ni wantabara nzokwama Ndakwemangira Mukiza. | |
2. | Icubahiro n’ itunga, Ni vyo namye ndondera, Ndabigaye, ndabihevye, Ndons’ itunga ryo mw ijuru. |
3. | Kand’ ab’isi ni bampeba Yesu, baraguhevye, Bo barahemana gusa: Si k’umez’ ur’ uw’ ukuri. |
4. | Abantu naho bampama. Bansunikir’ iy’ uri, Ubu bugingo bgo mw isi Reka ndabgihanganire. |
5. | Noronk’urukundo rwawe Nta kindi norondera. Ibinnezereza vy’ isi Sinzobironder’ ukundi. |