Indirimbo ya 135 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mbega ko Yesu yatanz’ amaraso
1. | Mbega ko Yesu yatanz’ amaraso yiwe ku musaraba, Ko yatanz’ ubugingo bgiwe agukure mu vyaha vyawe. |
Gusubiramo: | |
None se mugenzi uzomuh’ ik’ uwo Mucunguzi, Yatanz’ amaraso ng’ ukizw’ ivyaha, None s’uzomuh’ iki? | |
2. | Har’ aho wigeze kwibaz’ ivyiza vyose biri mw ijuru? Womeny’ ivyo Yesu yasize mw ijuru mu kuz’ aha mw isi? |
3. | Uraz’ imibabaro Yesu yagiz’ ari ku musaraba? Uko bamutey’ icumu akav’ amaraso bo n’amazi? |
4. | Womeny’ urukundo rw’akaburarugero Yes’ agukunda? Uraz’ urugero rw’imbabazi ziwe n’ikigongwe ciwe? |