Indirimbo ya 139 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nd’uwawe Mwami, kuko numvise
1. | Nd’uwawe Mwami, kuko numvise Ijwi ryawe ry’ urukundo, Ariko nifuza kukwizera No kukwegera rwose. |
Gusubiramo: | |
Nyegereza hafi yawe, Mukiza, Hafi y’ umusaraba, Nyegerez’ urubavu rwawe, Mwami, Rumwe rwancumitirwa. | |
2. | Unsabishe Mwami, nkuyoboke, Nshobozwa n’ ubuntu bgawe, Ivyo ngomba bicik’ivy’ugomba, Ngutumbere nkwizeye. |
3. | Eka ndanezerewe ko ndonse Uko twobonana nawe, Nd’imbere y’inyundo zawe Mwami, Tukayaga nk’ incuti. |
4. | Sinoruha ntahur’urukundo Rwawe nkiri mu mubiri, Nzorumenyana n’ um unezero Ni nashika mwi’juru. |