Indirimbo ya 141 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Mwami, nguhay’ ubugingo


1.Mwami, nguhay’ ubugingo
Kuko wantangiy’ ubgawe,
Umpe kwama nkuyobotse
Murokozi wanje.
Gusubiramo:
Nzama nd’ uw’ uwampfiriye,
Mfis’ umunezero mwinshi,
Nta ho nciganza, nd’ uwiwe,
N’ Umukiza wanje.
2.Nizigiye k’unzigama
Kuko wapfuye ngo mbeho,
Nzama nkwizigira Yesu,
Murokozi wanje.
3.Wampfiriy’ i Gologota
Rugira ng’ unkize simpfe,
None ndakwihaye rwose,
Murokozi wanje.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 141 mu Guhimbaza kirundi