Indirimbo ya 142 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Untwar’ untwar’ untware Yesu
1. | Untwar’ untwar’ untware Yesu, Mwami Yesu, ng’ unganze, Nsabisha mb‘ umushumba wawe, Mwami Yesu, ng’ unganze. |
2. | Ivyaha vyanje vyari vyinshi, Mwami Yesu, ng’ unganze, Ariko warabinkuyeko, Mwami Yesu, ng’ unganze. |
3. | Warampay’ amahoro menshi Mwami Yesu, ng’ unganze, Aho wanshika mu mutima, Mwami Yesu, ng’ unganze. |
4. | Gumana nanj’imisi yose Mwami Yesu, ng’ unganze, Ni tutabana nzoba mpfuye, Mwami Yesu, ng’ unganze. |