Indirimbo ya 146 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Rukundo rurut’ urundi
1. | Rukundo rurut’ urundi Ngwin’ utwuzure none, C’usohor’ urwanko rwacu. Ngwin’ utugereremwo. |
2. | Yesu we, Munyakigongwe, Zan’ agakiza kawe, Shika mu mitima yacu Utwuzuz’ urukundo. |
3. | Tuma Mpwemu wawe Yera Atubarir’ ivyawe, Tubone kuragw’ivyiza Wadusezeranije. |
4. | Udukuremw’ agatima Kama gakund’ ivyaha, Ntidutwarwe na k’ukundi: B’ari wew’ utuganza. |
5. | N’ uze se Soko y’ ubuntu, Kuko tugukumbuye, Ducik ivyaremwe bisha Bitagir’ agasembga. |
6. | Tuzogutazira Mwami, Ni twashika mw ijuru, Dushiz’ibitsib’ imbere Y’ intebe yawe yera. |