Indirimbo ya 147 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Uburyo Yes’ ankunda
1. | Uburyo Yes’ ankunda Burantangaza rwose, Ubuntu yangiriye Ni bgo bubimmenyesha. Ndons’ amahor’ ashitse, N’ umunezero mwinshi: Nd’ uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n’ uwanje. |
2. | Abadafise Yesu Harih’ ico batazi: Ntibabon’ urukundo Uhorah’ adukunda; Ivyo yaremye vyose Vyama birutwereka: Nd’uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n’ uwanje. |
3. | Ker’ ivyanter’ ubgoba Noneho ntibinkoma, Niseguy’ ukuboko K’Umukiz’ ankikiye. Nta handi mbon’ impore. Ni we Muvyey’ankunda: Nd’ uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n’ uwanje. |
4. | No kugeza ku rupfu Nta codutandukanya. Kubg’ urukundo rwiwe Nuzuyemw’ amahoro. Nah’ isi yokurwaho, N’izuba n’inyenyeri Nd’ uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n’ uwanje |