Indirimbo ya 151 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Yes’ arush’ abandi bose


1.Yes’ arush’ abandi bose
Kudukunda,
Arush’ ukw abav’ ind’ imwe
Bakundana.
Nah’ abo dukunda bose
Boduharuruka cane,
We nta ho yohemukira
Ab’ akunda.
2.N’iki gihesh’ ubugingo
Budashira?
S’ukumenya Yesu wacu
Adukunda?
Hamwe twari tuzimiye,
Yaturondeye nk’ intama,
Aratubon’ atuzana
I muhira.
3.N’Umukunzi wacu mwiza,
Kand’ akunda
Kuduh’ imigisha myinshi
N’imbabazi
Imitima yac’ ikunda
Kumwumvira muri vyose.
No kumwizigira cane
Tudatinya.
4.Kand’ ivyaha vyacu vyose
Vyakuweho
Kubg’ urukundo rwa Yesu;
Ni w’aduha
Gutsind’ ihitwosha nabi
Akatuzigama rwose.
Akatujana mu nzira
Yiwe nziza.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 151 mu Guhimbaza kirundi