Indirimbo ya 151 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yes’ arush’ abandi bose
1. | Yes’ arush’ abandi bose Kudukunda, Arush’ ukw abav’ ind’ imwe Bakundana. Nah’ abo dukunda bose Boduharuruka cane, We nta ho yohemukira Ab’ akunda. |
2. | N’iki gihesh’ ubugingo Budashira? S’ukumenya Yesu wacu Adukunda? Hamwe twari tuzimiye, Yaturondeye nk’ intama, Aratubon’ atuzana I muhira. |
3. | N’Umukunzi wacu mwiza, Kand’ akunda Kuduh’ imigisha myinshi N’imbabazi Imitima yac’ ikunda Kumwumvira muri vyose. No kumwizigira cane Tudatinya. |
4. | Kand’ ivyaha vyacu vyose Vyakuweho Kubg’ urukundo rwa Yesu; Ni w’aduha Gutsind’ ihitwosha nabi Akatuzigama rwose. Akatujana mu nzira Yiwe nziza. |