Indirimbo ya 152 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nta wundi mwam’ ameze nka Yesu
1. | Nta wundi mwam’ ameze nka Yesu, Oyaye, nta na mba! Nta wundi wo kudukiz’ urupfu, Oyaye, nta na mba! |
Gusubiramo: | |
Yes’ araz’ amarira yawe, Bo n’ ibikunezereza., Ni we natoye ngw anjane hose, Nta wundi, oyaye. | |
2. | Nta wundi yer’ ameze nka Yesu, Oyaye, nta na mba! Nta w’ agahore, nta mugwaneza, Oyaye, nta na mba! |
3. | Har’ umus’ atatunezereza? Oyaye, nta na mba! Hari n’ ijor’ atatuzigama? Oyaye nta na mba! |
4. | Har’ uwiw’ arekera mu vyago? Oyaye, nta na mba! Hari n’ umunyavyaha yohinda? Oyaye, nta na mba! |
5. | Har’ ingabir’ ingana na Yesu? Oyaye, nta na mba! Mbega mw ijuru h’ azohatwima? Oyaye, na gato! |
6. | Tumushime, tumuririmbire, Ego me, n’ ashimwe! Ni yaz’ az ‘ asange tumwiteze, Araza, nyakuza! |