Indirimbo ya 152 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nta wundi mwam’ ameze nka Yesu


1.Nta wundi mwam’ ameze nka Yesu,
Oyaye, nta na mba!
Nta wundi wo kudukiz’ urupfu,
Oyaye, nta na mba!
Gusubiramo:
Yes’ araz’ amarira yawe,
Bo n’ ibikunezereza.,
Ni we natoye ngw anjane hose,
Nta wundi, oyaye.
2.Nta wundi yer’ ameze nka Yesu,
Oyaye, nta na mba!
Nta w’ agahore, nta mugwaneza,
Oyaye, nta na mba!
3.Har’ umus’ atatunezereza?
Oyaye, nta na mba!
Hari n’ ijor’ atatuzigama? Oyaye nta na mba!
4.Har’ uwiw’ arekera mu vyago?
Oyaye, nta na mba!
Hari n’ umunyavyaha yohinda?
Oyaye, nta na mba!
5.Har’ ingabir’ ingana na Yesu?
Oyaye, nta na mba!
Mbega mw ijuru h’ azohatwima?
Oyaye, na gato!
6.Tumushime, tumuririmbire,
Ego me, n’ ashimwe!
Ni yaz’ az ‘ asange tumwiteze,
Araza, nyakuza!



Uri kuririmba: Indirimbo ya 152 mu Guhimbaza kirundi