Indirimbo ya 155 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ndatangara nshits’ imbere
1. | Ndatangara nshits’ imbere Y’Umunyanazareti, Nibaza ntangaye cane Icamunkundishije |
Gusubiramo: | |
N’igitangaza, n’igitangaza, Ni yo ndirimbo yanje; N’igitangaza, n’igitangaza Yuko Yesu yankunz’ atyo. | |
2. | Ni kubganje yasenz’ ati Ntibibe nk’ uko ngomba; Ivyiwe si vyo vyamwishe, N’ivyaha vyanje gusa. |
3. | Nibuk’ ingene yabize Urwuya nk’ amaraso; Ivyo vyabaye kubganje Rya jor’ i Getsemane. |
4. | Yikorey’ivyanje vyaha Abihindur’ ivyiwe; Naho w’ata co yakoze: Vyose yarabizize. |
5. | Yangiriye mu gishingo Ngo nze nkir’ urwo rupfu, Ni naja mw ijuru na ho Nzatur’ uko yankunze. |