Indirimbo ya 158 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
l. Umvir’ ijwi rya Yesu
1. | l. Umvir’ ijwi rya Yesu, Ni we Mukiza wawe; Umv’ arakubaz’ ati Munyavyah’ urankunda? |
2. | Nyina yokwibagira Uruhinja yavyaye? Nah’ ivyo vyoshoboka, ‘ Jeho nama nkwibuka. |
3. | Ni je nakubohoye, Nkuvur’ ibikomere. Ni je naguhabuye, Nkwakir’ uri mu mwiza. |
4. | Kand’ urukundo rwanje N’akaburarugero, Rurut’ urundi rwose, Kuko rutarangira. ; |
5. | Igihe ni cashika Nzokujana mw ijuru, Tuzosangir’ ubgami: Mbega non’ urankunda? |
6. | Yesu birambabaje Ko ngukund’ urukundo Ruke ruri mu nyuma Y’urwo rukundo rwawe. |
7. | Ariko ndagukunda, Naho bidashimitse: Umpe kurushiriza Kugukunda, Mukiza. |