Indirimbo ya 162 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
1. | 1. Ngwin’ umbgir’ ivya Yesu, Ingene yankunze, Uko yavuye mw ijuru Ngw agender’ abantu. |
Gusubiramo: | |
Mbarir’ ivy’ ico gihe, Ivy’ akanyamuneza, Vug’ ivya Yesu wacu N’ urukundo rwiwe. | |
2. | Twogereranya n’ iki Ivyo yababajwe. Yaremeye no kubambga, Ngw adukiz’ ivyaha. |
3. | Ubushobozi bgiwe Ni bgo bgamuzuye, Tureke gutiny’ urupfu, Natw’ azotuzura. |
4. | Twibuk’ ijambo ryiwe, Ati Nzogaruka, Mbajan’ i wanj’ i muhira, Mbaruhurireyo. |
5. | Tubgir’ aband’ ivyiwe, N’ urupfu yapfuye, Bumv’ ivyo yabakoreye, Bamukurikire. |