Indirimbo ya 164 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yes’ avukiy’ i Betelehemu
1. | Yes’ avukiy’ i Betelehemu, Bamuryamika mu bgato bg’inka; N’ umunyembabazi nyinshi cane N’ Umukunzi wacu. t/mv’ uko yadukunze, |
Gusubiramo: | |
Umv’ uko yadukunze, N’ umunyembabazi nyinshi cane, N’ Umukunzi wacu. | |
2. | Yesu yancunguriye ku giti, Kand’ abohor’ umutima wanje, N’ umunyarukundo runtangaza. Ni je yapfiriye. Ni jewe yapfiriye, Nijewe yapfiriye, N’ umunyarukundo runtangaza Ni je yapfiriye. |
3. | Abazimiy’ arabarondera, Abahamagar’ adahumeka; Mwumv’ ,ijwi ryiwe mwa banyavyaha, Arahamagara. A rabaha magara, Arabahamagara, Mwumv’ ijwi ryiwe mwa banyavyaha, Arahamagara. |
4. | Abacunguwe n’ urwo rukundo, Ntidusubire mu bicumuro, Uwamana na vyo ntiyokizwa, Aduha kunesha. Aduha kubinesha, Aduha kubinesha, Uwamana n’ ivyaha ntakizwa, Aduha kunesha. |
5. | Yes’ azogaruk’ atujan’ iwe, Tugumane na w’ imisi yose, Kuko yabisezeranye natwe, Agir’ agaruke. Azogaruka vuba, Azogaruka vuba, Kuko yabisezeranye natwe. Agir’ agaruke. |