Indirimbo ya 165 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Imana yaduhay’ Umwana wayo, (3)


1.Imana yaduhay’ Umwana wayo, (3)
N’Umukiza wacu.
Gusubiramo:
Ego, ego, ego, n’imbabazi (3)
N’Umukiza wacu.
2.Mariya yavyariye mu nzu y’inka
Umukiza wacu.
3.Yesu yasiz’ icubahiro ciwe:
N’Umukiza wacu.
4. Yesu yaradupfiriye ku giti:
N’Umukiza wacu.
4.Yaviriy’ amaraso yiwe hasi:
N’Umukiza wacu.
5.Yabambge ku giti mu kudukiza.
N’Umukiza wacu.
6.Yesu yadutey’ akanyamuneza:
N’Umukiza wacu.
7.Yes’ azogarukan’ ubgiza bginshi:
N Umukiza wacu.
Gusubiramo:
UBUGINGO BUSHASHA



Uri kuririmba: Indirimbo ya 165 mu Guhimbaza kirundi