Indirimbo ya 169 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Mana, ba sogokuruza


1.Mana, ba sogokuruza
Warabatabara.
Na twebge ni wewe gusa
Twizigiye cane.
2.Mu gihuhuta ni wewe
Uzigam’ abawe,
Kand’ abaguhungiyeko
Baronk’ amahoro.
3.Abakwizigira kera
Wamy’ ubazigama,
Natwe nta wundi tugomba
Wo kudutabara.
4.Imisoz’ itararemwa,
Is’ itarabumbga,
Ur’ uko wamy’ uhereye
Kera hose Mana.
5.Imyak’ igihumbi Mana,
Kuri wew’ imeze
Nk’ umus’ umwe, canke mbere
Nk’ igicugu kimwe.
6.Imyak’ itwar’ ivy’ iyi si
Nk’ uruzi rutemba,
Bikibagirwa n’ ingoga,
Nk‘ inzozi z’ umuntu.
7.Man’ udahinduka, nk’ uko
Wadufasha kera,
B’ ari k’ udukiz’ ubu, no
Mu bine bizoza.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 169 mu Guhimbaza kirundi