Indirimbo ya 169 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mana, ba sogokuruza
1. | Mana, ba sogokuruza Warabatabara. Na twebge ni wewe gusa Twizigiye cane. |
2. | Mu gihuhuta ni wewe Uzigam’ abawe, Kand’ abaguhungiyeko Baronk’ amahoro. |
3. | Abakwizigira kera Wamy’ ubazigama, Natwe nta wundi tugomba Wo kudutabara. |
4. | Imisoz’ itararemwa, Is’ itarabumbga, Ur’ uko wamy’ uhereye Kera hose Mana. |
5. | Imyak’ igihumbi Mana, Kuri wew’ imeze Nk’ umus’ umwe, canke mbere Nk’ igicugu kimwe. |
6. | Imyak’ itwar’ ivy’ iyi si Nk’ uruzi rutemba, Bikibagirwa n’ ingoga, Nk‘ inzozi z’ umuntu. |
7. | Man’ udahinduka, nk’ uko Wadufasha kera, B’ ari k’ udukiz’ ubu, no Mu bine bizoza. |