Indirimbo ya 172 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Ntangazwa n’ ubuntu bg’ Imana


1.Ntangazwa n’ ubuntu bg’ Imana
Butwikir’ ivyaha nakoze,
Bgasutswe mw is’ i Gologota,
Ni bgo maraso y’ Umukiza.
Gusubiramo:
Wa buntu we butangaje!
Buntu bgo kunyez’ umutima!
Wa buntu we butang aje.
Butwikir’ ivyaha nakoze.
2.Nariko ndadobera rwose
Mu ruzi rw’ urupfu n’ ivyaha,
Maz’ ubuntu bg’ Imana bginshi
Bundobesha wa musaraba.
3.Sinshobora guhish’ ivyaha:
Nokura heh’ icobinyoza?
Raba rwa ruzi rw’ amaraso,
Wisukemwo ng’ ubone kwera.
4.Rab’ ubgo buntu butangaje,
Burenz’ ubgo twomenya bgose.
Yew’ ugomba gukizwa rwose,
Ntiwokwakir’ ubgo buntu se?



Uri kuririmba: Indirimbo ya 172 mu Guhimbaza kirundi