Indirimbo ya 173 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Imana ni yo Mwungere


1.Imana ni yo Mwungere
Andagiz’ urukundo.
Nizigiye yuko ntazokena,
Kuko nd’ intama y’Imana.
2.Ni y’ indyamika mu canya
C ubgatsi bgiza cane,
Injan’ i ruhande y’ imigezi
Itemba nez’ idasuma.
3.Insubizamw’ intege nsha.
Zindemesh’ umutima,
Inyobora mu nzir’ itunganye,
Kubg’ izina ryayo ryera.
4.Naho noca no mu mwonga
w’ igitutu c’ urupfu,
Sinogir’ ikibi ntinya na mba,
Kuko tuba turi kumwe.
5.Undemeshesh’ ikibando
Cawe Mukiza wanje.
Ni wew’uzompumuriza Mana,
Ni nashika no ku mpfiro.
6.Untunganiriz’ ameza
Mu maso y’ abanyanka,
Ukansig’ amavuta mu mutwe,
Uriyujurij’ igikombe.
7.N’ ukur’ imbabazi zawe
Zizohorana nanje,
Na ntaryo nzoba mu ngoro yawe,
Bimpimbaye bihebuje.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 173 mu Guhimbaza kirundi