Indirimbo ya 175 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yesu n’Umwungere
1. | Yesu n’Umwungere Wac’ aduhoza, Kw ari w’atureze Mbe twotiny’ iki? Tumukurikire Iy’ aja hose, Naho hoba habi Cank’ ari heza. |
2. | Kand’ uyo Mwungere Turamuz’ ijwi, Riratunezera iyo turyumva; Kand’ iy’ aduhannye Nta h’ayogora, Ni w’atwiharije, Ni we Ndongozi. |
3. | Yavuy’ amaraso Kubgacu twese, Yaducucagiye Ayo maraso. Ac’ adushirako Ikimenyetso Ni co Mpwemu Yera Twacits’ abiwe. |
4. | Yesu n’Umwungere Atuzigama, Nah’ amabingira Yoz’atontoma Ntiyodushikira, Kwaturwanira; Azoturenganya Hirya y’urupfu. |