Indirimbo ya 180 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Inzira zawe zose
1. | Inzira zawe zose N’ibikubabaza, Bibgir’ Imana vuba Kw iganz’ ivyo mw isi; Kand’ ijuru n’iryayo, Nta hant’ itaganza, Ntibizoyinanira Kugukiza nawe. |
2. | Kandi ntukiganyire, Ngo Mbega nzory’ iki? Ni murab’utunyoni Twama tuguruka; Ubgatwo ntitubiba, Kandi ntitwimbura, Iman’ iradutunga; Wew’ uraturuta. |
3. | Kandi ntukiganyire, Uti Nzambar’ iki? Rab’ ingen’ amashurwe Aba ku misozi, Nta n’igikorw’ akora Kand’ arashajije; Iman’ irayambika, Naw’ izokwambika. |
4. | Ureke kwiganyira. Ntibikubereye! Abapagani bose Biganyira cane. Weho ni wih’ Imana, Uronder’ ivyayo, Ni ko vya bindi vyose Ubiherw’ ubuntu. |