Indirimbo ya 184 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Inzira y’ umusaraba ni yo


1.Inzira y’ umusaraba ni yo
Izonshikana mw ijuru gusa:
Sinzobon’ ibirimba vy’ umuco
Ni nahusha ya nzira ya Yesu.
Gusubiramo:
Nta yindi nzir’ iriho na mba
Atar’ iyo y’ Umukiza,
Jnzir’ inshikana kwa Data
N’ iy’ umusaraba.
2.Ni nagomba kuj’ ahera cane
No kubonana n’ Imana yanje,
Nkwiye kujan’ inzir’ Umukiza
Yesu yaciyemwo y’ amaraso.
3.Nasezey’ inzira zose z’isi,
Sinzosubira guca muri zo,
Dat’ arampamagar’ ati Ngwino,
Nkujan’ aho naguteguriye.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 184 mu Guhimbaza kirundi