Indirimbo ya 184 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Inzira y’ umusaraba ni yo
1. | Inzira y’ umusaraba ni yo Izonshikana mw ijuru gusa: Sinzobon’ ibirimba vy’ umuco Ni nahusha ya nzira ya Yesu. |
Gusubiramo: | |
Nta yindi nzir’ iriho na mba Atar’ iyo y’ Umukiza, Jnzir’ inshikana kwa Data N’ iy’ umusaraba. | |
2. | Ni nagomba kuj’ ahera cane No kubonana n’ Imana yanje, Nkwiye kujan’ inzir’ Umukiza Yesu yaciyemwo y’ amaraso. |
3. | Nasezey’ inzira zose z’isi, Sinzosubira guca muri zo, Dat’ arampamagar’ ati Ngwino, Nkujan’ aho naguteguriye. |