Indirimbo ya 189 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nzokwama nkwizigira


1.Nzokwama nkwizigira,
Nzi k’utazompemukira:
Ni naramuka ngowe
Nzizigira Yesu gusa.
Nzizigira nkiriho,
Kugez’ ah’ azoncisha
Mu kirimba c’ijuru
Nzizigira Yesu gusa.
2.Mmurikirwa n’umuco
Wa Mpwemu w’Imana Yera;
Iy’ anjana sintemba:
Nizigiye Yesu gusa.
3.iyo mmerewe neza
Mu bugingo, ndaririmba,
iyo ngowe, ndasenga
Nizigiye Yesu gusa.
4.Uko bukeye nzama
Nizigir’ Umwami wanje;
Mu bizombako vyose,
Nzizigira Yesu gusa.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 189 mu Guhimbaza kirundi