Indirimbo ya 189 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nzokwama nkwizigira
1. | Nzokwama nkwizigira, Nzi k’utazompemukira: Ni naramuka ngowe Nzizigira Yesu gusa. Nzizigira nkiriho, Kugez’ ah’ azoncisha Mu kirimba c’ijuru Nzizigira Yesu gusa. |
2. | Mmurikirwa n’umuco Wa Mpwemu w’Imana Yera; Iy’ anjana sintemba: Nizigiye Yesu gusa. |
3. | iyo mmerewe neza Mu bugingo, ndaririmba, iyo ngowe, ndasenga Nizigiye Yesu gusa. |
4. | Uko bukeye nzama Nizigir’ Umwami wanje; Mu bizombako vyose, Nzizigira Yesu gusa. |