Indirimbo ya 190 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Tujanye na Yesu
1. | Tujanye na Yesu, Tumwumviye cane, Twogendera mu muco wiwe, Akatuyobora, Akabana natwe N’ abamwizer’ uko bangana. |
Gusubiramo: | |
Mwizigire, Umwumvire cane, Ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi. | |
2. | Ntihakingirizwa, Nta gicu gikuba, Yes’ amwenyuye kireyuka, Nta bgoba buriho, Cank’ umubabaro, Bimarwa n’ uko tumwizeye. |
3. | Amarushwa yose Ntiyotubabaza. Ni w’ aduhembur’ imbu zose; Ivyo twita bibi Bitubera vyiza, Tumwizigiye, tumwumviye. |
4. | Ntitwokwiyungura Kugir’ akaneza Tudakijijw’ ivy’ isi vyose, Kuk’ ubuntu bgiwe N’ imbabazi ziwe Ar’ impera y’ abamwizeye. |
5. | Tumugiye hafi Tukamugendako, Twoba tugirirany’ ubumwe, Maze yodutuma Tugaca tugenda, Tukamwumvira tumwizeye. |