Indirimbo ya 191 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nkunda kwunguk’ ivya Yesu
1. | Nkunda kwunguk’ ivya Yesu Kwunguk’ imbabazi ziwe, Kwunguk’ ubgenge bg’ ukuri N’ urukundo rw’ Umukiza. |
Gusubiramo: | |
Nunguk’ ivya Yesu, Nunguk’ ivya Yesu, Nunguk’ ubgenge bg’ ukuri, N’ urukundo rw’ Umukiza. | |
2. | Nshishikarir’ ivya Yesu, Emmer’ ivy’ agomba binkwiye, Mpwemu Yera, mpishurira, Mbgir’ uko Yesu yankunze. |
3. | Nunguk’ ijambo rya Yesu, Mbane n’Umwam’ antoneshe; Numvir’ ivy’ ambgira vyose, Mpuze na we mmuyoboke. |
4. | Mm eny’ ivy’ ingoma ya Yesu, Mmeny’ ubgiza bgiwe bgose, Mmenye n’ukw agira yime, Ni we Mwami w’ amahoro. |