Indirimbo ya 196 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Ukwizera kwacu kurahamye pe;


1.Ukwizera kwacu kurahamye pe;
Gushinzwe kw’ijambo ry’ Imana yacu;
Nta co dutinya, dushikame gusa:
Twabony’ ubuhungiro muri Yesu.
2.Ntutinye, na ntaryo ndi kumwe nawe,
Nd’ Imana yawe, nzokwama ngufasha,
Nzoguh’ inkomezi zo gushikama,
Nzogufat’ ukuboko, nta c’utinya.
3.Ni nakubgira no guca mu mazi,
Inzuzi nta ho zizokurengera,
Ivyago vyose n’ibikubabaza
N’ivyo nirungikiye kukug eza.
4.Inzira ni yaca no mu muriro,
Uzobumbga n’ubuntu bganje bginshi.
Jmbeya nta ho zizokubabura:
Nzoba nkuvugutiye ng’ uz’ urame.
5.Umutima wisunz’ Umwana wanje
Sinzowurekuran’ Umwansi na mba.
Naho Gehinomu covyur’ ingunza
Ntikizowunshikura mu kuboko.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 196 mu Guhimbaza kirundi