Indirimbo ya 196 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ukwizera kwacu kurahamye pe;
1. | Ukwizera kwacu kurahamye pe; Gushinzwe kw’ijambo ry’ Imana yacu; Nta co dutinya, dushikame gusa: Twabony’ ubuhungiro muri Yesu. |
2. | Ntutinye, na ntaryo ndi kumwe nawe, Nd’ Imana yawe, nzokwama ngufasha, Nzoguh’ inkomezi zo gushikama, Nzogufat’ ukuboko, nta c’utinya. |
3. | Ni nakubgira no guca mu mazi, Inzuzi nta ho zizokurengera, Ivyago vyose n’ibikubabaza N’ivyo nirungikiye kukug eza. |
4. | Inzira ni yaca no mu muriro, Uzobumbga n’ubuntu bganje bginshi. Jmbeya nta ho zizokubabura: Nzoba nkuvugutiye ng’ uz’ urame. |
5. | Umutima wisunz’ Umwana wanje Sinzowurekuran’ Umwansi na mba. Naho Gehinomu covyur’ ingunza Ntikizowunshikura mu kuboko. |