Indirimbo ya 198 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Umwami wacu Yesu
1. | Umwami wacu Yesu Ni we Tanguriro Ry’ Ishengero yaremye Mu mazi n’ ijambo Yazanywe mw isi yacu No kudukiz’ icaha, Tumuber’ Ishengero Yaguz’ amaraso |
2. | Ishengero ni rimwe Mu mahanga menshi, Ryizer’ Umukiz’ umwe, N’ukuvuka kumwe, Rishim’ izina rimwe, Risangiy’ Ingaburo Imwe y‘Umwami wacu, Ryizigira kumwe. |
3. | Ewe kintu cazanye Ibice muri ryo, Ababi bari hanze Bakarikengera! Yamar’ abera baryo Bahora bari maso Batakambir’ Umwami Ngw‘az’ aritabare. |
4. | Mu vyago birigoye Riruhurwa rwose , No kuzig’ amahoro Mu bihe bizoza: Ryifuza kuzobona Ivyiza vyo mw ijuru, Rivuye mu ntambara, Rinesheje rwose. |
5. | Kandi rikiri mw‘isi, Rifitany’ ubumwe Na Dat’ Imana yacu. N’ abayo mw ijuru: Man’ umpe kwama mmera Nk’ uko bamera mw isi, Ngo nanje nshik’ i wawe, Mbahamvye mw ijuru. |
Gusubiramo: | |
IZ’INTAMBARA |