Indirimbo ya 201 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ni muvyuke kurwana
1. | Ni muvyuke kurwana Mwa ntore z’ Umwami, Mutwar’ ibirwanishwa Vyos’ Iman’ itanga. Mu nzira yo kunesha Turongorwa na Yesu: Kuko yadutsindiye Tunesha kubgiwe. |
2. | Inzamba zirayaze, Mwese mutabare, Mugend’ akabushungwe, Ntimub’ ibijora. Naho mwosugerezwa N’ ingabo za Satan: Mureme mu mitima, Nta nganji zifise. |
3. | Muvyuke mutabare, Mushikame cane, Inkomezi z’ inyama Si zo turwanisha: Muhagatir’ inkota, Ni yo jambo ry’ Imana, N’ibindi birwanishwa Vy’ uburyo bga Mpwemu. |
4. | Kand’ urugamba rwanyu Ruzoshira vuba, Ubu har’ akaruru, ; Ejo ho n’impundu! Uneshej’ azohabga Igitsibo na Yesu, Azicarana na we Ku ntebe y’ubgami. |
5. | Mushirek’ubu nyene,. Murwane, muneshe. Mwizer’ izina ryera, Rirabakomeza. Maz’ ivyo birwanishwa Mubih’ Umwami Yesu, Muzobon’ amahoro Y’imana mw ijuru. |