Indirimbo ya 209 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Yemw’ abari kuri Yesu


1.Yemw’ abari kuri Yesu,
Mukanur’ ijisho cane;
Kuko wa Mwansi
Satani Aturaba ku kigohe.
2.Satani ntiyigendera,
Agir’ ic’ ahagazeko:
Nuko wame wiyubara,
Witwaz’ inkota ya Mpwemu.
3. Wew’ uhishira Satani,
Kandi witirirwa Yesu,
Kumbur’ umwikunkumure,
Afis‘ igihe kigufi.
3.Yaraciriw’ urubanza,
Agomb’ abo yisasira,
Ni co gitum’ akobeje
Kurwany’ ab’ Umwami Yesu.
4.Ivyo twabikijwe vyose
Tuje turabicuruza,
Bikwir’ abaremwe bose,
Bihane bave mu vyaha.
5.Wibuk’ ay’ Umwami Yesu
Yabonye ku musaraba,
Ewe Mucunguzi wanje,
Ndihannye, ndaje nyakira.
6.Yes’ ah’ azogarukira
Azoz’ afise bga bgiza
Yahorany’ ari mw ijuru:
Mbe wumva biguhi mbaye?



Uri kuririmba: Indirimbo ya 209 mu Guhimbaza kirundi