Indirimbo ya 214 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Har’ umurwa mwiza


1.Har’ umurwa mwiza
W’ abera b’ Imana
Nta gihumanya,
Nta gihumanya
Kizoja kuri wo.
2..Mukiz’ ubu ndaje,
Mwana w’ Uhoraho,
Nyoz’ untunganye,
Nyoz’untunganye
Nk’iz’ibibi vyose
3.Mpindur’ubu Mwami
Ncik’umwana wawe
Unzigamishe
Unzigamishe
Inkomezi zawe
4.Hanyum’uz’unshitse
Mu bera b’iwawe
Nsanzwe nd’uwera
Nsanzwe nd’ uwera
Mur’iyo si nziza



Uri kuririmba: Indirimbo ya 214 mu Guhimbaza kirundi