Indirimbo ya 217 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mw isi nd’ umushitsi
1. | Mw isi nd’ umushitsi, Si yo nzohoramwo, Nzohava nigira Mw ijuru kwa Data. |
2. | Kandi nzomusanga Ku ntebe y’ubgiza, Na w’azonyakira Mu biganza vyiwe. |
3. | Duheze tubane Na we nnezerewe, Nta kizombabaza, Hariy’ amahoro. |
4. | Name ndamushima, Nikubit’ imbere Y’Imana yankuye Mu rupfu rw’ ivyaha. |
5. | Non’ ubu nihute, Nze nshikeyo vuba, Mve mu mwiza w’ino, Nshik’ ahar’ umuco. |