Indirimbo ya 220 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Umusi nabonye Yesu
1. | Umusi nabonye Yesu Mu nyonga ziw’ icese, Nzohimbarwa cane rwose: Ni we yadupfiriye. |
Gusubiramo: | |
Nzomubona, Yes’ Umwami, Mw’ijuru dushitseyo; Nzobona mu nyonga hiwe N’icubahiro ciwe. | |
2. | Mfise Yesu mu mutima, Nararons’ urukundo, ; Umus’ umwe Yes’ azoza Kutujana mw’ijuru. |
3. | Ya marushwa yacu yose, N’ ivyo bitubabaza, Ivyo vyose bizohera Umusi twamubonye |
4. | Aho Yes’ azotujana, Tuzonezerwa cane, Tumubony’ Umwami wacu, Twoshim’ imyaka yose. |