Indirimbo ya 224 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Wasiz’ icubahiro c’ i wawe
1. | Wasiz’ icubahiro c’ i wawe Hamwe waza mw isi Yesu, Maz’ abo mw’isi bakwim’ ah’ uba Mu kuvuka kwawe kwera. Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay’ ah’ uba Mwami: Mgwino mu mutima wanje, Ndaguhay’ ah’ uba Mwami. |
2. | Abamarayika baririmvye Mwami Yesu, ko wimitswe, Ariko Mwami Ruganza vyose, Waricishije bugufi. Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay’ ah’ uba Mwami: Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay’ ah’ uba Mwami. |
3. | Ibiguruka bifis’ ivyari, N’ imbgebge ziri n’imyobo, Weho Mwana w’ umuntu, wabuze Ah’ urambik’ umusaya. Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay’ ah’ uba Mwami: Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay’ ah’ uba Mwami. |
4. | Wazanye mw’is’ijambo rizima Ryo gukiz’ abana bawe, Maze baragukengera cane, Bakubamba ku giti. Ngwino mu mutina wanje, Nizey’ uwo musaraba: Ngwino mu mutima wanje, Nizey’ uwo musaraba. |
5. | Abo mw’ijuru bazoririmba Ah’ uzozira kunesha: Nzumv’ ijwi ryawe rimbwira, riti Ndaguhay’ ah’uba nawe! Nzonezerwa mu mutima Ni waz’ ukampamagara: Nzonezerwa mu mutima Ni waz’ukampamagara |