Indirimbo ya 224 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Wasiz’ icubahiro c’ i wawe


1.Wasiz’ icubahiro c’ i wawe
Hamwe waza mw isi Yesu,
Maz’ abo mw’isi bakwim’ ah’ uba
Mu kuvuka kwawe kwera.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami:
Mgwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami.
2.Abamarayika baririmvye
Mwami Yesu, ko wimitswe,
Ariko Mwami Ruganza vyose,
Waricishije bugufi.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami:
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami.
3.Ibiguruka bifis’ ivyari,
N’ imbgebge ziri n’imyobo,
Weho Mwana w’ umuntu, wabuze
Ah’ urambik’ umusaya.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami:
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami.
4.Wazanye mw’is’ijambo rizima
Ryo gukiz’ abana bawe,
Maze baragukengera cane,
Bakubamba ku giti.
Ngwino mu mutina wanje,
Nizey’ uwo musaraba:
Ngwino mu mutima wanje,
Nizey’ uwo musaraba.
5.Abo mw’ijuru bazoririmba
Ah’ uzozira kunesha:
Nzumv’ ijwi ryawe rimbwira, riti
Ndaguhay’ ah’uba nawe!
Nzonezerwa mu mutima
Ni waz’ ukampamagara:
Nzonezerwa mu mutima
Ni waz’ukampamagara



Uri kuririmba: Indirimbo ya 224 mu Guhimbaza kirundi