Indirimbo ya 227 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ku murwa wo kwa Dawidi
1. | Ku murwa wo kwa Dawidi umwami, Kera harih’ uruhongore, Aho nyina yar’ abikiriye Umwana mu bgato bguhira: Uwo Mwana ni we Kristo, Kandi Mariya ni nyin a wiwe. |
2. | Yaje mw is’ asig’ i we mw ijuru, Yats’ indaro mu ruhongore, Kand’ uburiri bgabay’ ubgato, Naho yar’ Umwami wa bose: Umukiza wacu yera Yabanye n’aboro n’abagowe. |
3. | No mu bgana bgiwe yarubaha Abavyey’ akabakorera. yabagandukiye muri vyose, Yaraduhay’ akarorero: Natwe naho tur’ abana, Ni dukurikir’ ingeso ziwe. |
4. | Yemeye kub’ akagoyigoyi, Naho yar’ Ushobora vyose, Ni we citegererezo cacu Yabay’ Umwan’ akura nkatwe, Arababarana natwe Bitayeko tukanezeranwa. |
5. | Wa mwana w’igikundiro cinshi, Ni we Rugaba yo mw ijuru; Ah’ azozira tuzomubona Kuko yaducunguj’ urupfu; Kand’ arongor’ aban’ i we Ngo bashik’ aho yatunganije. |
6. | Arikw aho tuzomubonera Ntihazoba mu ruhongore; Hazoba ku murwa wo mw ijuru I buryo bg’Iman’ ihoraho: Tuzomuhimbaza cane Twikubise has’ imbere yiwe. |