Indirimbo ya 229 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Abantu baraririye
1. | Abantu baraririye Intama mw’ijoro, Marayik’ abiyereka Akayangana pe. |
2. | Babony’ ubgo bgiza bgiwe Baterwa n’ubgoba; Marayik’ arababgira, Ati Muhumure. 3. Umve none mbazaniye Ubutumwa bgiza: Havukiy’ Umukiza ku Murwa wa Dawidi. |
3. | Ehe mbah’ ikimenyetso: Mushika mubona Baryamits’ urwo ruyoya Mu bgato bguhira. |
4. | Ahejeje kuvug’ivyo Haca haboneka Ingabo nyinshi z’Imana Zihimbaza, ziti |
5. | Icubahiro ni kibe Ku Mana mw’ijuru. No mw’is’ amahoro n’abe Mu b’inezererwa. |