Indirimbo ya 232 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Mvuye mw ijuru nonaha


1.Mvuye mw ijuru nonaha,
Nzany’ ubutumwa bg’ Imana,
Ubgo butumwa ni bgiza,
Mbuvuge ndabuhimbaza.
2.Muravukiwe n’Umwana,
Nyina n’inkumi Mariya,
Uwo Mwana muto mwiza
N’ uwo kubanezereza.
3.Ni we Mwami wanyu mwiza,
Agir’ imbabazi nyinshi;
Ni we Mukiza wa mwese
Abakiz’ ivyaha vyanyu.
4. Arabater’akaneza
Kabakomereza mw’isi
Ku ngoma yiwe muhawe
Ubugingo budashira
4.Tubikenguruke twese
Tujane na ba bungere
Kurab’ic’Iman’igavye
Umwana way’adukiza



Uri kuririmba: Indirimbo ya 232 mu Guhimbaza kirundi