Indirimbo ya 232 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mvuye mw ijuru nonaha
1. | Mvuye mw ijuru nonaha, Nzany’ ubutumwa bg’ Imana, Ubgo butumwa ni bgiza, Mbuvuge ndabuhimbaza. |
2. | Muravukiwe n’Umwana, Nyina n’inkumi Mariya, Uwo Mwana muto mwiza N’ uwo kubanezereza. |
3. | Ni we Mwami wanyu mwiza, Agir’ imbabazi nyinshi; Ni we Mukiza wa mwese Abakiz’ ivyaha vyanyu. 4. Arabater’akaneza Kabakomereza mw’isi Ku ngoma yiwe muhawe Ubugingo budashira |
4. | Tubikenguruke twese Tujane na ba bungere Kurab’ic’Iman’igavye Umwana way’adukiza |